Gbagbo yankiwe kuba umukuru w'umugambwe wiwe

Laurent Gbagbo apfungiwe ICC ashaka kuba umukuru w'umugambwe wiwe. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Laurent Gbagbo apfungiwe ICC ashaka kuba umukuru w'umugambwe wiwe.

Sentare muri Cote d'Ivoire yanse icifuzo c'uwahoze atwara ico gihugu, Laurent Gbagbo, ubu apfungiwe kuri sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ICC, co kuba umukuru w'umugambwe wiwe.

Bwana Gbagbo yagirijwe ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu na ICC.

Abashingwamanza biwe baciye bamenyesha ko bagiye kwunguruza.

Umugore wa bwana Gbagbo, Simone, ariko araburanywa muri Cote d'Ivoire ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu.

Abantu barenga ibihumbi bitatu barishwe mu mvururu zadutse bwana Gbagbo yanse kwemera ko yatsinzwe amatora mu 2010.