Burundi: Abarwanyi bateye mu Cibitoke

Image caption Ikarata y'Uburundi

Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza, yabwiye BBC ko abitwaje ibirwanisho bagera ku munani bishwe, umusirikare umwe arakomereka.

Uwo murwi utashoboye kumenyekana uwo ari wo, wagavye ico gitero kare mu gitondo, intambara zirabandanya umunsi wose kuri uyu wa kabiri.

Colonel Baratuza ntiyamenyesheje igitigiri c'abitwaje ibirwanisho boba binjiye mu Burundi, canke ngo avuge abo ari bo.

Yavuze ko ingabo za leta zari zisanzwe mw'ishamba rya Rukoko zatanye mu mitwe n'abo barwanyi muri segiteri ka Ngoma, nayo imicungararo y'aho ikingiwe umutekano.

Uwo murwi woba waburijwemwo uriko werekeza mu Kibira, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu.