Humvikanye amasasu hafi y'ingoro y'umukuru wa Gambiya

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Perezida wa Gambiya Yahya Jammey

Perezida Yahya Jammeh, yavuze ko umwe mu bahoze ari intwazangabo yashatse gutembagaza ubutegetsi mu gihe we yari mu rugendo mu Bufaransa

Humvikanye urwamo rwinshi rw'ibirwanisho mwíjoro ryakeye mu murwa mukuru Banjul.

Leta yahakanye ko hoba habaye igikorwa co gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Abaserukira ibihugu vyabo bavuga ko ingabo zijejwe kurinda umukuru wígihugu ari zo zoba zarashe aho ku kirimba.

Ariko perezida Jammeh yahavuye avyemeza, aho yavuze ko umurwi uyoboka Lamin Sanneh yahoze mu gisirikare, baturutse muri Senegal bazanywe no gutembagaza leta yiwe.

Yavuze ko abateye baciye basubizwa inyuma, bane muri bo baricwa.

Perezida Jammey yavuze knadi ko aca ahagarika urugendo yarimwo mu Bufaransa,agasubira mu gihugu.

Ariko umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubufaransa yavuze ko batazi ko Yahya Jammey yoba ri muri ico gihugu.

hari amakuru avuga ko yoba ari Dubai.

Bwana Jammeh, yafashe ubutegetsi akoresheje igikenye mu 1994, abamunegura bakamurega gutwaza igikenye.