Imidugararo muri Gambiya

Perezida Yahya Jammeh
Image caption Perezida Yahya Jammeh

Amakuru aturuka i Banjul, umurwa mukuru wa Gambiya, aravuga ko hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu, mu ijoro ryakeye, humvikaye urusaku rw'imbunda za rutura.

Urwo ruhagarara ruravugwa mu gihe umukuru w'igihugu, Yahya Jammeh, ari mu rugendo mu Bufaransa.

Amakuru ataremezwa aravuga ko igikorwa cya guhirika leta cyaburiyemo.

Hashize imyaka 20 Perezida Jammeh afashe ubutegetsi akoresheje ingufu za gisirikare.

Yahya Jammeh araregwa n'imiryango iharanira uburenganzira bw'ikiremwamuntu ko akandamiza itangaza makuru n'abatuvga rumwe n'ubutegetsi.