Urubanza rw'abanyamakuru ba Al-Jazeera rwavyuwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abanyamakuru 3 bambaye impuzu zera, kuva hagati amahera ibubanfu, Baher Mohamed, Mohamed Fahmy, na Peter Greste

Ingingo yo gusubiramwo urubanza rwa Peter Greste, Mohamed Fahmy na Baher Mohamed, yafashwe uno munsi muri sentare isubiramwo imanza.

Abashikirizamanza bemeye ko habaye ibibazo bikomeye mu gukatira abo banyamakuru nk'uko bivurwa n'abababuranira.

Urubanza rwabo ruzosubira kuburanishwa mu kiringo c'ukwezi, ariko abo banyamakuru babwirizwa kuguma bapfunzwe.

Abo banyamakuru barahakana ko bakoranye n'umugambwe "Muslim Brotherhood" wafuswe n'amategeko.

Bavuga ko bariko bakora umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Bagirizwa ko bafashe mu mugongo umurwi utemewe n'amategeko inyuma y'aho perezida Mohammed Morsi akuriwe ku butegetsi n'igisirikare mu 2013.

Babiri muri abo banyamakuru n'abanyamahanga- Peter Greste, yahoze akorera BBC, n'umunya Australia, nayo mugenziwe Mohammed Fahmy afise akabira ka Misiri n'aka Canada.

Abo banyamakuru bamaze umwaka mu mvuto, bafashwe mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2015.

Abacamanza bategetse ko baguma bapfunzwe kugeza urubanza rwongeye guhamagarwa.

Urubanza rw'uno munsi rwamaze iminota itarenga 30.

Abanyamakuru ntibemerewe kwinjira mu ngoro ya sentare gukwirikira urwo rubanza, ndetse na bene kurerwa siho bari.