Umunigano wahitanye 36 mu bahimbaza umwaka Shanghai

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aho abari guhimbaza umwaka bari bakoraniye Shanghai

Umunigano wadutse mu bari mu gace k'ikibuga ca Chenyi, mu karere ka Bund kari ku nkengera z'uruzi Huangpu.

Abantu benshi cane bari bahakoraniye bateramiye umuzo wúmwaka wa 2015.

Amakuru aca ku mbuga nkoranyambaga, amenyesha ko uwo munigano watanguwe n'abantu bashaka gutora amafaranga y'amiganano yakorotse ava ku rubaraza rw'inzu yo guteramiramwo- "nightclub".

Abayobozi b'umuji wa Shanghai bavuga ko ibintu vyakomeje kuyangara nk'iminota 25 gusa imbere y'uko umwaka urangira, kandi ko bashizeho umurwi ujejwe kwitaho ico kibazo .

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe bafashwa guhumeka na bagenzi babo aho nyene

Amafoto yakwiragijwe ku mbuga za internet yerekana abantu baravye bariko bafashirizwa impande y'ibarabara, n'abapolisi bacunze ako gace.

Abenshi mu bahasize ubuzima bikekwa ko ari abanyeshure, 25 muri bo bakaba ari abo igitsinagore nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru ca leta.

Abari muri ico kibanza bafatanije amaboko bazengurutse ahari abakomeretse kugira ngo baronke ubuhumekero, abantu ntibakomeze kuhinjira no kubakandagira.

Perezida Xi Jimping yabwiye abategtsi ba Shanghai gutora vyihuta inyanduruko y'uwo munigano.

Ibirori bisanzwe bikorwa kuva kera muri ako karere ka Bund vyo guturitsa imiriro bita "feu d'artifice" vyari vyabujijwe kugutinya umurundano w'abantu, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru "Shanghai Daily".

Umunyamakuru wa BBC ari Shanghai avuga ko itohoza rishobora kuzoshingira cane cane ku kumenya impamvu igitigiri kinini nk'ico c'abantu bagiye muri ico kibanza kandi vyari vyabujijwe.

Hashobora kwihwezwa kandi nimba hari abapolisi bakwiye n'ibifasha gucunga umutekano w'abo bantu.