Ubundi bwato bw'abimukira bwatawe mu mazi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato bwari bwasizwe n'abasoza mu mazi y'Ubutaliyano

Ubwo bwato bubaye ubwa kabiri bugize ikibazo mu mazi y'Ubutaliyano butwaye ibimukira muri iyi ndwi yonyene.

Abajejwe gucungera umutekano mu mazi bamanuwe n'indege muri ubwo bwato bwariko ibendera ya Sierra Leone, aho bwaciye bujanwa ku kivuko ca Calabria, mu bumanuko bw'Ubutaliyano.

Umukuru mu bajejwe gucungera umutekano muri ayo mazi, Komanda Andrea Passara, yavuze ko abari batwaye ubwo bwato babutaye mw'ijoro bakabusiga buriko bujanwa n'imikuba.

Avuga ko abari muri bwo barimwo abagore n'abana, basa n'abameze neza.

Muri iyi ndwi nyene hari abandi bimukira barenga 800 barokowe mu mazi y'Ubutaliyano, bari mu bwato bwari bwatawe n'abasoza nk'uko.