FNL yemera ko yagabweko ibitero na MONUSCO

ingabo za Congo zifatanyije ico gikorwa na ONU Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ingabo za Congo zifatanyije ico gikorwa na ONU.

Umurwi witwaje ibirwanihso w'abarundi bavuga ko ari aba FNL bari mu buseruko bwa Congo, uremera ko ibitero vya MONUSCO vyaraye bigabwe vyatumbereye ku bibanza birimwo abanywanyi babo.

Ariko umukuru w' uwo murwi agahakana ko ata barwanyi bari bakihari.

Isidore Nibizi yahakanye kandi ko abarwanyi babo aribo boba bamaze igihe batana mu mitwe n' ingabo za leta y' Uburundi mu ntara ya Cibitoke.

Avuga ko ibibanza vyasambuwe n' ingabo za MONUSCO, ngo vyabamwo abanyagihugu bahunze.

Abari muri Kivu y' epfo mu buseruko bwa Congo hafi y'ahari ibirindiro vy' umurwi w'abarwanyi b'abarundi wa FNL, MONUSCO yagavyeko ibitero kuva ejo, bavugako gushika mu gitondo c' uno munsi bari bakibona indege zayo zikizura muri ako karere.

Umwe mu banyagihugu bari mu muji wa Uvira atashimye ko izina ryiwe rimenyekana , avuga ko abaturuka hafi y'ahari ivyo birindiro vya FNL bavuga ko bafise ubwoba.

Ku wa mbere ingabo za ONU muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo zatanguye ibitero ku murwi w'abarundi bitwaje ibigwanisho ushingiye mu buseruko bw'ico gihugu.

Umuvugizi wa MONUSCO Colonel Felix Basse yavuze ko kajugujugu z'intanbara hamwe n'ingabo zo hasi zasambuye amakambi y'umugwi wa FNL.

Yavuze ko intambara ikibandanya kandi ko n'ingabo za Congo zifatanya ico gikorwa na ONU.

Abagwanyi bikekwa kuba ari aba FNL ku ndwi iheze barajabutse mu Burundi bava muri Congo.

Ku wa mbere ingabo za leta mu Burundi zikaba zamenyesheje ko zishe 95 muri abo bateye.