Charlie Hebdo:ihigwa ry'abafashije mu gitero rirakomeza

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Igipolisi kiracahiga Hayat Boumeddiene, i bubamfu, avugwa ko ari umugore wa Amedy Coulibaly

Izindi ngabo 500 zashizwe mu gisagara ca Paris inyuma y'iminsi itatu y'ibitero vy'iterabwoba vyashitanye abantu 17.

Ministre ajejwe intwaro yo hagati mu Bufaransa Bernard Cazeneuve yavuze ko ingingo zose ziriko zirafatwa kugirango igihugu gikingirwe.

Abantu barenga ibihumbi 210 bagize ingendo mu ga cerere mu bisagara vyinshi vy'Ubufaransa harimwo Paris, Orleans, NIce, Pau, Toulouse na Nantes kugira bibuka abahitwanywe n'ubwo bwicanyi.

Bamwe mu bari muri izo ngendo bari bafise ivyapa vyanditseko ngo:''Ndanse ivanguramoko'',''tugume mu bumwe'', canke ''Ndi Charlie'' bashaka kuvuga ca kinyamakuru Charlie Hebdo catewe ku wa gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu bisagara vyinshi mu Bufarabsa havbaye ingendo mu gacerere

Umuryango wa Ahmed Merabet, umwe mu bapolisi bishwe mu gitero co ku wa gatatu, watenze ikiganiro ku banyamakuru kuri uyu wa gatandatu kirimwo ikigumbagumba cinshi.

Merabet yari ''umuislam, yari anezerewe no kuba umupolisi no kurwanira akaranga ka republika'' nk'uko vyavuzwe n'uwo bavukana Malek Merabet.

Intureka yatanguye igihe abahungu babiri bavukana, Cherif na said Kouachi , bica abantu 12 bakomeretse 11 mu gitero ku biro vy'ikinyamakuru Charlie Hebdo ku wa gatatu.

Igipolisi cabiciye ejo i Dammartin-en-Goele ku bilometero 35 mu buraruko bwa Paris igihe bari basohotse baza bararasa bava mu nyubakwa yari yakikujwe n'abajejwe umutekano.

Igipolisi mu nyuma caciye gishwara iduka ry'abayahudi riri mu buseruko bwa Paris aho umugabo yitwaje ibigwanisho Amedy Coulibaly yari yafashe imbihe zitari nke.

Igipolisi carishe Coulibaly kibohoza abantu 15. Mu nyuma baciye batora ibiziga vy'abantu bane mu bari bagizwe imohe.

Abo bantu bane bamenyekanye ko ari Yoav Hattab, Philippe Braham, Yohan Cohen, na Francois-Michel Saada.

Hagati aho igipolsi mu Bufaransa kiragabirije cane ubwo kibandanya guhiga abafashije abagabo bitwaje inkoho bishe abantu 17 mu minsi ibiri mu bitero vy'iterabwoba.

Hayat Boumedienne, umugore w'umugabo yateye iduka i Paris Amedy Coulibaly, gushika n'ubu ntarafatwa.

Vyavuzwe ko yari kumwe na Coulibaly igihe umupolisi w'umugore yicwa kandi akaba avugwa afise ikigwanisho kandi abangamye.

Abagabo babiri bagavye igitero ku wa gatatu ku kinyamakuru Charlie Hebdo barishwe ku wa gatanu n'igipolisi.

Prezida Francois Hollande yarakeje igipolisi ariko kandi agabisha ko hashobora kuba ibindi bitero.

Yakeje inzego zijejwe umutekano ku butwari zagize n'uburyo zakoze neza avuga ko ivyashitse ari amahano ku gihugu. Hollande yavuze ko n'ubu ukugaremirwa kutararangira.

''Dutegerezwa kuguma tumeze magabo.Ndabasavye kandi kuguma mufatanye mu nda-nico kirwanisho kiruta ibindi dufise'' nk'uko yabishikirije mw'ijambo ryaciye mu ma television ku wa gatanu ku mugoroba.

Inyuma y'inama y'umutekano ku wa gatandatu ministre ajejwe intwaro hagati mu gihugu Bernard Cazeneuve yavuze ko Ubufaransa buzoguma bumeze magabo ku rugero rwo hejuru cane mu ndwi nkeya zimirije.

Umutekano uzoba ucungerewe bikomeye i Paris ahazobera ku wa mungu urugendo rw'ubumwe ruzokwitabwa n'abategetsi b'Ubwongereza n'Ubudagi n'ab'Ubufarnsa nk'uko Cazeneuve yabimenyesheje.

Mu bazokwitaba urwo rugendo hazoba harimwo ministre wa mbere w'Ubwongereza David Cameron, uw'ubudagi Angela Merkel, uwa Turkiya Ahmet Davutoglu, uwa Espagne Mariano Rajoy na ministre w'Uburusiya Sergei Lavrov.

Kuwa kane igipolisi co mu Bufaransa cataye muri yompi abantu 7 mu gihe cari gikomeje guhiga abantu babiri bakekwaho kuba aribo bagabye igitero kuri Charlie Hebdo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Cherif Kouachi na Said Kouachi baravukana

Abo bagabo babiri bavukana igipolisi cishe ni Cherif Kouachi na Said Kouachi.

Bari bahungiye mu nzu iri mu mujyi wa Dammartin-en-Goele igipolisi kimaze kubirukankana mu muhanda munini cyane.

Igipolisi kiravuga ko abo bagabo bagabye icyo gitero bavuga ngo: "Allahu akbar" ngo "Twahoreye umuhanuzi" mbere yuko binjira mu modoka bagahunga.

Umwe muri bo yavuze kandi ko bakorera Al Qaeda, ishami ryo muri Yemen.