Amerika igiye kugara bimwe mu bigo vyayo vya gisirikare biri i Bulaya

Amerika irateganya kuziganya miliyoni 500 buri mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Amerika irategekanya kuziganya miliyoni 500 buri mwaka

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Chuck Hagel, aremeza ko ibigo vyazo vya gisirikare 15 biri ku mugabane wa Bulaya bigiye kugarwa.

Ibiro vya gisirikare vya Amerika bimenyesha ko iyo ngingo izotuma bashobora kuziganya miliyoni 500 z'amadalari buri mwaka.

Leta zunze ubumwe za Amerika zifise abasirikare bagera ku 60 000 bari mu bihugu vya Bulaya, abenshi bakaba bari mu Budagi, Ubutaliyano na hano mu Bwongereza.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko kugara ivyo bigo, kwoba kuri mu mugambi w'abanyamerika wo gusubiramwo gushasha politike yabo ya gisirikare, aho bashaka kwerekeza cane mu bihugu vy'akarere ka Asia na Pacifique kurusha hano i Bulaya.