Urubanza ku bisigarira vy'umwami Mwambutsa wa IV

Mwambutsa wa IV yasize avuze ko atazoshingurwa mu Burundi
Image caption Mwambutsa wa IV yasize avuze ko atazoshingurwa mu Burundi.

I Geneve mu Busuwisi ejo harashashe urubanza rw'umugore yagirizwa ko yatanze uruhusha rwo kuzura ibisigarira vy'umwami Mwambutsa wa IV.

Umwami Mwambutsa yapfiriye aho mu Busuwisi mu 1977 aca ashingurwa muri ico gihugu. Kuva mu 2012 hari impari zo kumutahukana guhambwa mu Burundi ku cifuzo ca leta y'Uburundi.

Bamwe mu muryango wiwe barabishigikiye mu gihe hari abandi batabishaka kuko Umwami Mwambutsa ubwiwe yanditse imbere yo gupfa ko ata handi na hamwe yoshingurwa atari aho mu bu Suisse.

Uwagirizwa muri urwo rubanza rwahamagajwe ku wa kane i Geneve muri sentare y'igipolisi ku rwego rusubiramwo imanza ni Madame Collette Berete Uwimana w'imyaka 65.

Umushikirizamanza w'ico gihugu amwagiriza icaha co guhungabanya amahoro y'abapfuye mu kuba yatanze uruhusha rw'uko hazurwa ibisigarira vy'umwami Mwambutsa wa IV bivanwa mw'itongo ry'abapfuye rya Meyrin aho yari yarashinguwe.

Kuva ibisigarira vya Mwambutsa bizuwe mu 2012, ubu biri mu buruhukiro i Geneve.

Ku rugero rwa mbere Madame Collete Berete Uwimana yaratsinzwe mu mwaka uheze acirirwa gupfungwa icamaso imyaka abiri n'ugutanga ihadabu ry'amafaranga y'amasuwisi ibihumbi bitatu aca arunguruza.

Mu ntahe yo ku wa kane yabwiye sentare ko abarundi na leta y'Uburundi bashaka ko ibisigarira vy'umwami Mwambutsa bitahukanwa kugirango umuryango wiwe n'igihugu bimutere iteka. Sentare yavuze ko urwo rubanza rurimwo ibibazo bitari bike vy'amategeko, ingingo yayo ikaba izomenyeshwa hanyuma.

Mu badashaka ko umwami atahukanwa n'umukobwabo Esther Kamatari ashingiye ku cifuzo Umwami Mwambutsa ubwiwe yanditse imbere yo gupfa ko hatozogira uhirirahira ngo aje kumushingura ahandi atari mu Busuwisi.

Mwambutsa IV Bangiricenga yabaye umnwami w'Uburundi imyaka irenga 50 kuva mu 1915 gushika mu 1966.