Nibura 16 bishwe mu gitero muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko Haram yashingiwe i Maiduguri mu 2002

Abantu nibura 16 bihswe abandi benshi barakomereka mu gitero c'ibombe mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Maiduguri muri Nigeria nk'uko bivugwa n'amakuru ava mu bitaro.

Amakuru amwe avuga ko ico kibombe caturikiye mw'isoko cari kiboheye ku mwana w'umukobwa w'umwihevyi ashobora kuba atarenza imyaka 10.

Nta mugwi uriyitirira ico gitero cabaye kuri uyu wa gatandatu.

Ariko abanyamakuru bavuga ko ibimenyetso vyose vyerekeza ku mugwi witwaza idini rya Islam Boko Haram.

Iryo soko bivugwa ko ryari ryatewe kabiri mu ndwi imwe n'abakobwa b'abihevyi mu mwaka uheze.

Umuvugizi w'igipolisi mu ntara ya Borno Gideon Jubrin yavuze ko uwo mwana w'umukobwa yaturikirije ico kibombe mu gice c'isoko gicurururizwamwo inkoko.

Abantu amajana barishwe ku wa gatatu mu gitero ca Boko Haram mu gisagara ca Baga inyuma y'aho bafatiye ikambi ya gisirikare ikomeye itariki 3 uku kwezi.

Ibiziga vy'abaguye muri ico gitero, Amnesty International ivuga ko gishobora kuba arico ca mbere gihitanye abantu benshi muri kahise ka Boko Haram-n'ubu bivugwa ko biciyanikiye mu mashamba.

Boko Haram yatanguye kugwanya leta ya Nigeria mu 2009 ishaka gushinga leta igendera ku mategeko ya Islam.

Mu mwaka uheze yarafashe ibisigara n'ibigwati vyinshi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Izo ntureka zimaze gutuma milioni n'igice y'abantu bateshwa izabo, mu gihe abarenga 2.000 bihswe mu mwaka uhese.