Seleka ishaka agashimwe ko gufata Dominic Ongwen wa LRA

Image caption Domic Ongwen bivugwa ko yanyurujwe na LRA afise imyaka 10

Abagwanyi b'umuhari witwaje ibigwnaisho Seleka muri Centrafrique bavuga ko bakwiye guhabwa agashimwe ko gufatisha umunye Uganda akomeye mu mugwi witwaje ibigwanisho aronderwa ku vyaha vyo mu ntanbara.

Dominic Ongwen, umutegetsi akomeye mu mugwi Lord Resistence Army (LRA) yashikirijwe Abanyamerika muri iyi indwi.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zemeye ko zizotanga milioni zitatu z'ama dollars ($5 million) z'agashimwe k'uwuzotanga inkuru y'ingene uwo mugabo yofatwa agashirwa imbere y'ubutungane.

Umutegetsi wo muri Seleka avuga ko yafashwe inyuma y'intamnbara yamaze iminota 25, inyuma yayo akaba ariho baca baha inkuru ingabo za Amerika muri ako karere.

Umutegetsi w'umunyamerika ubwa mbere yari yavuze ko Ongwen yavuye muri LRA imbere y'uko ashikirizwa ingabo zabo.

Seleka yarataye Centrafrique mu kaga amezi atari make igihe yafata umurwa mukuru Bangui mu 2013.

Abategetsi ba Uganda bavuga ko Ongwen azorungikwa muri ico gihugu mu minsi iza.

Uwo mugabo azwi kw'itazirano ry''Urutozi rwera', hari abavuga ko ariwe aza ubugira kabiri mu butegetsi bw'ingabo za LRA inyuma ya Joseph Kony, akaba aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vy'intambara n'ivyaha bikorewe zina muntu.

LRA yaranyuruje ibihumbi n'ibihumbi vy'abana mu buraruko bwa Uganda n'ibihugu bibanyi, abahungu ikabagira abagwanyi ku nguvu, abakobwa nabo bagashirwa mu buja bwo gusambanywa.

Dominic Ongwen ubwiwe bivugwa ko yanyurujwe afise imyaka 10 igihe yari agiye kw'ishure mu buraruko bwa Uganda.

Ku bantu batanu bakomeye muri LRA baronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, babiri bonyene nibo basigaye batarafatwa: Joseph Kony na OKot Odhiambo.