Ubufaransa bwasezeye abaguye mu bitero

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi b'Ubufaransa baguye mu bitero biheruka bashinguwe

Perezida Hollande yavuze ko abo batatu, barimwo umwirabure, umuzungu n'umwarabu; berekana ubumwe bw'Abafaransa mu budasa bwabo, imbere y'igitero kitagira izina.

Yunamiye imwe imwe mu masandugu yabo, azamura abo bapolisi bose ku rwego rwa "Legion d'Honeur", ari nayo pete yo hejuru ya zose mu Bufaransa.

Bwana Hollande yavuze ko bapfuye kugirango abandi babeho mu mwidegenvyo.

Babiri muri abo bapolisi baguye ku biro vy'ikinyamakuru Charlie Hebdo, kumwe n'abandi bantu 10.

Uwundi yapfuye bukeye ahitanywe n'umuntu umwe mu gitero coba gifitanye isano n'ica babiri bateye Charlie Hebdo.