Urubanza rwa Mubarak ruzosubirwamwo

Image caption Hosni Mubarak

Sentare yasanze hari amategeko atakurikijwe neza muri urwo rubanza Mubarak yarerwamwo ivyaha vyo kunyereza ubutunzi bw'igihugu, kumwe n'abahungu biwe babiri.

Umushingwamanza wa Hosni Mubarak, avuga ko yizeye ko ashobora kurekurwa vuba, akava aho apfungiwe mu bitaro vyo mu muji wa Cairo.

Mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze bwana Mubarak yari yakatiwe umunyororo w'imyaka itatu, arerwa kunyereza miliyoni 18 yari gukoresha mu gusanura ingoro ziwe.