Uganda: Dominic Ongwen azojanwa kuri ICC

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Dominic Ongwen, umwe mu bakuru ba LRA

Ongwen yabonetse mu ndwi iheze, ari muri Repubulika ya Centarafrika, aho umurwi LRA urwanya leta ya Uganda usanzwe ufise abarwanyi benshi.

Dominic Ongwen yafashwe yinjizwa ku nguvu mu murwi LRA, aho yahavuye azamuka akaba mu vyegera vya Joseph Kony.

Dominic Ongwen aronderwa ku vyaha vy'intambara n'ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.