Ikinyamakuru Charlie Hebdo congeye gusohoka

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuyobozi wa Charlie Hebdo

Charlie Hebdo kiza gusohora amakopi agera ku miliyoni zitatu, inyuma y'aho abanyamakuru baco umunani n'abandi bantu bane bagandaguriwe kuwa gatatu uheze.

Igicapo kiri ku rupapuro rwa mbere rw'ico kinyamakuru cerekana intuma Muhammad avuga ngo "Je suis Charlie", n'ukuvuga "Ndi Charlie".

Birakekwa ko gushushanya intumwa Muhammad vyoba vyabaye inyendamuvano y'igitero cagabwe kuri Charlie Hebdo.

Ayo majambo: "Je suis Charlie"yarakoreshejwe cane kuva inyuma y'ico gitero co mu ndwi iheze.

Mu kindi gitero cakurikiye ico, Abayahudi biciwe n'uwundi muntu yishimikiza idini rya islamu, kw'iduka rinini ry'abayahudi mu muji wa Paris.

Uwundi mupolisi w'umugore yarishwe, bigakekwa ko yarashwe n'uwo muntu nyene yagavye igitero ku bayahudi.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Manuel Valls, mw'ijambo yatanze mu nama nshingamateka, yavuze ko ico gihugu kiri ntambara n'iterabwoba, ariko kidahanganye n'aba islamu.

Ubufaransa bwarungitse abajejwe umutekano 10 000 mu bice vy'igihugu, harimwo amasinagogi, imisigiti n'ibibuga vy'indege.

Ikinyamakuru Charlie Hebdo casohoye amakopi agera kuri miliyoni zitatu, mu gihe cahora gisohora izitarenga 60 000 ku ndwi.