Ikibazo co kurwanya FDLR kigana he?

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umwe mu barwanyi ba FDLR

Prezida Zuma agiye muri Angola inyuma y'aho ico gihugu gitangarije ko inama yari guhuza abakuru b'ibihugu vyo mu karere kuri ico kibazo, itakibaye.

Angola yavuze ko ico kibazo ubu kigiye mu maboko ya ONU, ko kitakiri ku muryango SADC.

Ikigo International Crisis Group -ICG, cishinze gukinga amatati, kiravuga ko hari ukutumvikana hagati ya Tanzania na Afrika y'epfo.

Ivyo bihugu ngo ni navyo vyatanze igice kinini c'abasirikare bari mu ngabo za rwa rwego rudasanzwe rw'inteko za MONUSCO, rufasha leta ya Congo kurwanya imirwi ihungabanya umutekano.

Thierry Vircoulon, ajejwe akarere k'ibiyaga binini mu kigo ICG, avuga ko Tanzania igaragara nk'idashaka ko umurwi FDLR ugabwako ibitero, mu gihe Afrika y'epfo yo ivuga ko yiteguye, kimwe na leta ya Congo.

Ariko ngo inyuma y'ayo majambo baserura hanze, hari ubudasa ku buryo ivyo bihugu bishaka ko ikibazo ca FDLR gitorerwa inyishu.

Ku kibazo co kumenya nimba umubonano w'uno munsi hagati ya perezioda wa Afrika y'epfo Jacob Zuma na mugenzi we wa Angola Jose Edouardo dos Santos, hari ico ushobora guhindura, Thierry Vircoulon avuga ko uwo mubonano atari uwa mbere.

Angola yahereje agapira ONU

Thierry Vircoulon avuga ko mu gihe ca Noel habaye iyindi mibonano nk'iyo, ariko ngo ntiyatumye hagira igihinduka.

Avuga ariko ko mu gusivya inama yari kubera Luanda hagati y'abakuru b'ibihugu vy'umuryango SADC, bisa n'aho Angola yashize ico kibazo mu minwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Gutyo kandi ngo ikaba yanashatse kwerekana kunana kuri ku ruhande rwa Tanzania na Afrika y'epfo, muri ico gikorwa co kurwanya FDLR.

Uko Thierry Vircoulon abona ibintu bishobora kugenda mu minsi iri imebre, ngo hari inzira nyinshi.

Avuga ko yaba uruhande rwa Congo canke MONUSCO, rumwe rushobora kwijana muri urwo rugamba rwonyene kubera kutumvikana, canke bigashoboka ko ibintu biguma uko biri, ico gikorwa co kurwanya FDLR ntigitangure.