Ubufaransa buzokigira amadini yose

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Francois Hollande

Bwana Hollande yavuze ko ubutegetsi budashingiye kw'idini busonera amadini yose, yemera ko azofata ingingo zikomeye kuri uwo wese yoyahungabanya.

Bwana Hollande yavuze ko aba islamu ari bo babangamiwe kurusha abandi n'abagendera ku gukunda idini birengeje, gutsimbatara ku vyiyumviro vyabo no kutihanganira abandi, bitumwa n'indyane zibera mu bindi bice vy'isi.

Ivyo perezida Hollande yabivuze mu gihe abishimikiza idini rya Islamu baherutse kwica abantu 17 mu muji wa Paris.

Abenshi mu banyamakuru b'ikinyamakuru Charlie Hebdo bishwe muri ivyo bitero, uno munsi niho bashingurwa.