Cameroun: Boko Haram yashimuse abantu hafi 40

Ibitero bya Boko Haram muri Cameroun Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty
Image caption Ibitero bya Boko Haram muri Cameroun

Leta ya Cameroun iravuga ko impirimbanyi za Boko Haram zashimuse abantu benshi muribo b'abana.

Izo mpirimbanyi zavuye muri Nigeria zambuka umupaka zijya muri Cameroun mu duce tubiri two mu ntara ya Mokolo.

Abo bantu barimo abagabo, abagore n'abana barundanyijwe hamwe maze hapfamo 4.

Umushikiranganji wa leta ya Cameroun yabwiye BBC ko bashimuse abantu bari hagati ya 30 na 40, maze batwika amazu agera kuri 80.

Umunyamakuru wa BBC uri i Lagos avuga ko ibi bigaragaje ko Boko Haram ikomeje guteza ibibazo mu karere.