Burundi: Uwayoboye igitero cyo mu Cibitoke ni nde?

Igisirikare cy'Uburundi
Image caption Igisirikare cy'Uburundi

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umushikirizamanza mukuru wa Republika, Valentin Bagorikunda, yamenyesheje ko abagize ico gitero co mu ntara ya Cibitoke bashika 190, bakaba bari barongowe n’umugabo yahoze ari mu gisirikare c’igihugu, Kaziri Joseph batazira Yusufu, ariko yanse kuvuga ko yoba akiriho canke ko yoba yarishwe.

Valentin Bagorikunda kandi, uretse ko yagiriza imwe mu maradiyo akorera ngaha mu Burundi, namwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ko yigeze guha indaro uwo muntu, na ho nyene atavuze ayo ariyo, nta co avuga kuboba baramutumye canke izina ry’umugwi yagwanira.

Aravuga ariko imigambi bari bafise ko kwari ugufata igihugu.

Gushika ubu abantu bagirizwa ico gitero bamaze gushikirizwa parquet ngo bashika 6.

Batatu mu bari bafashwe bararekuwe mu mpera z’indwi iheze.

None ubwo ntihashobora kuzoba ukwinyegeza inyuma y’ico gitero mu guhagarika abayoboke b’imigambwe itavuga rumwe na reta, umuntu afatiye kwihagarikwa ry’uwurongoye urwaruka rwo mu runani ADC-Ikibiri, Patrick Nduwimana, ryabaye mu mpera z’indwi iheze? Valentin Bagorikunda yavuze ko Patrick Nduwimana ari kubazwa kubera amaperereza, ko amaperereza aheze ntaco yagirijwe azorekurwa.

Ku nkuru zibandanya kuvugwa ko hoba harishwe abarwanyi bamwe muri abo bari bateye, kandi bamaze kwishikana, umushikirizamanza mukuru wa Republika ararahira ko ata muntu n’umwe arabashikiriza izo nkuru.

Muri uwo mugwi wagize igitero mu mpera z’umwaka uheze, ngo harimwo abana bafise imyaka iri hagati ya 15 na 17, na yo intara yari ifisemwo abarwanyi benshi yari Kirundo harimwo 41. Mu ntambara yahuje igisirikare c’uburundi n’abo barwanyi, yahitanye abantu 99, harimwo abasirikare 2 n’abacivil 2 nyene. Kuri uyu wa gatandatu, reta yari yahamagariye abarundi bose kugira kwihereza amabarabara kugira biyamirize ico gitero.