Yemen: Imirwano mu murwa mukuru wa Sanaa

Inyeshyamba za Houthi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inyeshyamba za Houthi

Hari imirwano ikaze yabaye mu murwa mukuru wa Yemen, Sanaa, hagati y'inyeshyamba za Houthi n'igisirikare cya leta.

Hari urusaku rw'imbunda rwumvikanye mu bice byinshi byo mu murwa mukuru, hari n'ibisasu bya mortiers byaguye hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu.

Umushikiranganji w'itangazamakuru wa Yemen, Nadia al Sakkaf, yavuze ko umukuru w'igihugu ameze neza nyuma y'umugambi wo gushaka guhirika ubutegetsi bwe.

Ariko haracyari akavuyo mu murwa mukuru.

Umutegarugore Sakkaf yavuze ko hari imitwe itatu igenzura ibice byo mu murwa mukuru : ingabo za leta, inyeshyamba za Houthi hamwe n'ingabo zishyigikiye uwahoze ari umukuru w'igihugu Ali Abdullah Saleh.

Yavuze ko Yemen nshya ishobora kuvuka mu mpera z'uyu munsi.