France: Ingamba nshya zo kurwanya iterabwoba

Abategetsi b'Ubufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu PATRICK KOVARIKAFPGetty
Image caption Abategetsi b'Ubufaransa

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Manuel Valls yatangaje ingamba nshya z'umutekano nyuma y'igitero cyagabwe n'intagondwa z'abayisilamu i Paris mu byumweru 2 kigahitana abantu 20 barimo batatu bakigabye.

Umushikiranganji wa mbere yavuze ko bazazana abakozi bashya bo mu biro bishinzwe iperereza bagera ku 2680 muri iyi myaka 3 iri imbere kugirango bakore iperereza ku butagondwa bwa kiyisilamu.

Bwana Valls yavuze ko abantu barenga 1300 bari mu Bufaransa bakekwaho gukorana n'imitwe ya jihadi kandi ko bagomba kugenzurwa.

Bwana Valls yavuze ko hafi miliyoni 500 z'amadolari y'Amerika arizo leta izakoresha kugirango igere kuri izo ngamba zo kurwanya iterabwoba.