DRC: Itegeko rigenga amatora ryumvikanyweko

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Itorwa ry'itegeko rigenga amatora mu nama nshingamateka ryateye imidugararo muri Congo

Inama nkenguzamateka yahinduye ingingo ya munani yari mu nteguro y'iryo tegeko ryari rimaze guhitishwa n'inama nshingamateka, bigatera imyiyerekano mu gihugu.

Iyo ngingo yavuga ko habanza kuba rusansuma rw'abanyagihugu imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu yimirije mu mwaka uza.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko ivyo vyari gutuma ikiringo perezida Joseph Kabila asigaje ku butegetsi kirengana ayandi matora ataratunganywa.

Mw'itegeko risha ryumvikanyweko n'inzego zishinga amategeko, nta rusansuma rusabwa kuzobanza gukorwa imbere y'amatora yimirije umwaka uza.

Abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu bavuga ko imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo yashaka ko habanza kuba rusansuma imbere y'amatora, yahitanye abantu 40.