Imyiyerekano muri Yemen yerekeje kwa perezida

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza aba Houthis muri Yemen

Abari mu myiyerekano, biyamiriza abarwanyi bo mu murwi w'aba Houthi, bariko barasatira uwo murwa mukuru.

Berekeje ku ngoro y'umukuru w'igihugu Abdrabbuh Mansour Hadi, kugira bamwereke ko batemera ko atanga imihoho nk'uko yari yabishikirije ku munsi wa kane.

Reta zunze ubumwe za Amerika zemeza ko zikomeza gukorana na Yemen muco zise igikorwa co "kurwanya iterabwoba", ariko ikigo c'itangazamakuru Reuters cemeza ko bimwe mu bikorwa vyo kurwanya abo mu murwi al-Qaeda muri Yemen vyahagaze.