OMS yakuye icirwa mu kiza ca Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuyobozi mukuru wa OMS Margaret Chan

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS riherutse kunegurwa ku nyifato ryagize mu kurwanya Ebola mu burengero bwa Afirika.

Margaret Chan yavuze ko ico kiza kimaze guhitana abantu barenga 8000, ari akaga kasigiye icirwa kinini amakungu yose, na OMS ubwayo.

Mu nama y'abayobozi ba OMS yabereye i Geneve, yavuze ko bakwiye gutunganya neza gusumba uburyo bwo gutabara ivyaduka, no gushiraho isandugu ryo kwikorako muri ben'ivyo bihe.

Yavuze kandi ko kubera ico kiza ca Ebola, vyatumye bigaragara ko inzego z'amagara y'abantu zitunganije neza ari nkenerwa mu bihugu.

OMS iheruka gutangaza ku munsi wa kane ko ikiza ca Ebola kiriko kiragabanuka, aho ibitigiri vy'abafatwa bikomeza kumanuka muri Guinee, Liberia na Sierra Leone.