Umugambwe Syriza watsinze amatora mu Bugereki

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashigikiye Syriza bari mu kanyamuneza i Athenes bamaze kumva ivyavuye mu matora

Ariko nturamenya ko waronse intebe zikwiye mu nama nshingamateka ku buryo ushobora kuyobora wonyene canke ko uzokenera kwiyunga n'uwundi.

Antonis Samaras, umushikiranganji wa mbere muri reta y'ubu, yamaze kwemera ko yarushijwe anakeza umugambwe Syriza.

Yemeye ko hari amakosa yabaye, ariko yishimira kuba yarashubije Ubugereki mu nzira yo kugorora mu butunzi.

Umukuru wa Syriza, Alezis Tsipras, yemeye kuzosubiramwo kuganira n'amakungu ku nfashanyo yo kuramira ubutunzi bw'ico gihugu, n'ingingo zo gutubika umukanda cafatiwe.

Ibi, Ubugereki bushobora kutabihurizako n'ibihugu vya Bulaya.