Islamic State ivuga ko yagize imbohe abantu muri Libya

Islamic State ivuga ko abarwanyi bayo ari bo bateye Tripoli Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Islamic State ivuga ko abarwanyi bayo ari bo bateye Tripoli

Abantu bitwaje ibirwanisho bateye ihoteri ikomeye ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli, bamaze guturitsa igisasu cari giteze mu muduga.

Umwe mu bakuru b'abajejwe umutekano yavuze ko abacunga iyo hoteri batatu bishwe, igihe babiri muri abo bitwaje ibirwanisho binjira ku nguvu mw'ihoteri Corinthia, nyuma ya saa tatu z'amasaha ya Libya.

Hari amakuru ataratohozwa avuga ko abo bateye bashobora kuba hari abantu bagize imbohe.

Ihoteri Corinthia ikundwa n'abagwizatunga b'abanyamahanga, abaserukira ibihugu hamwe n'abategetsi bo ngaho.

Urubuga twitter rw'abakorana n'umugwi Islamic State muri Libya rwavuze ko ari uwo mugwi wagavye ico gitero.