Jordania ishaka gukaba impfungwa na IS

Kenji Goto afiswe na Islamic State Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kenji Goto afiswe na Islamic State

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru wa Jordania avuga ko biteguriye kurekura umugore w'umurwanyi wa ki Islam wo muri Irake.

Ico gihugu kivuga ko kizoshikiriza uwo mugore umugwi Islamic State, nawo niwemera kurekura umudereva w'indege wa Jordania ata rwara ariwe.

Muri video yasohowe ejo, Islamic State yagabishije ko igiye kwica uwo mudereva hamwe n'umunyamakuru w'Umuyapani, Kenji Goto, mu masaha 24 mu gihe uwo mugore atorekurwa.

Uwo mushikiranganji wa Jordania ntiyigeze avuga uwo munyamakuru w'Umuyapani, ariko Ubuyapani na Jordania biriko birakorera hamwe mu kugerageza kubohoza izo mpfungwa zombi.