Kongo itangaza ko yatanguye kurwanya FDLR

Kongo ivuga ko abasirikare bayo barwanya FDLR bonyene Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kongo ivuga ko abasirikare bayo barwanya FDLR bonyene

Igisirikare ca Kongo catangaje ko catanguje ibikorwa vya gisirikare vyo gusambura umugwi FDLR urwanya leta y'u Rwanda, uri mu buseruko bwa Kongo.

Umuvugizi w'igirikare ca Kongo, Brg Gen Leon Richard Kasonga, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ico gikorwa catangurijwe i Beni n'umugaba w'ingabo za Kongo.

Abajijwe igituma batangurira i Beni kandi ata basirikare ba FDLR barangwayo, Gen Kasonga yavuze ko Beni ari muri Kivu ya ruguru, ngo kandi iyo ntara irangwamwo aba FDLR.

Ati kandi Beni ni ku butaka bwa Kongo, ngo rero ico gikorwa gishibora kuhatangurizwa nk'uko cotangurizwa i Kinshasa.

BBC Gahuzamiryango kandi yashatse kumenye nimba hari ukurasana kuriko kuraba, Gen Kasonga agira ati: "Aho ndiko ndavugira naho bibera ni kure, rero mworindira nkabanza kumenya amakuru yose."

Mu gihe hari impungenge z'uko hari abanyagihugu bobigwamwo mu gihe abarwanyi ba FDLR babana nabo, Gen Kasonga yavuze ko abasirikare ba Kongo ari abanyamwuga, ngo kandi barazi gutandukanya umunyagihugu asanzwe hamwe n'umurwanyi.

Ugushaka guke

Ejo uwuserukiye ibikorwa vya ONU muri Kongo, Martin Kobler, yamenyesheje ko igituma ibikorwa vyo kurwanya FDLR biteba gutangura, ari uko Kongo itari bwatange uruhusha rwo kubitanguza.

Abakuru b'akarere bahaye FDLR gushika itariki zibiri z'ukwa mbere ngo ibe yashize ibirwanisho hasi canke iraswe.

Ukwezi kwari kugiye guhera iyo tariki irenganye, ariko nta gikorwa na kimwe cari bwatangure.

Kongo ivuga ibi bikorwa yatanguje vyo kurwanya FDLR ibikora yo nyene, mu gihe vyari vyitezwe ko igomba kubikorana n'abasirikare ba ONU.

Gushika ubu, nta makuru ataho yegamiye aremeza ko hari imirwano iriko iraba mu buseruko bwa Kongo.