Ibura ry'indege MH370 yari impanuka

Imiryango yabuze abayo yanka gusaba inshumbusha itinya ko kurondera indege vyohagarara
Image caption Imiryango yabuze abayo yanka gusaba inshumbusha itinya ko kurondera indege vyohagarara

Abajejwe intwaro muri Malaysia bamenyesheje ko ibura ry'indege MH370 ya Malaysia Airlines mu kwezi kwa gatatu ivuye Kuala Lumpur ija Beijing, yari impanuka.

Abantu bose amajana abiri na mirongo itatu n'icenda bari mw'iyo ndege, bagizwe ahanini n'Abashinwa, vyibazwa ko bapfuye.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Li Keqiand, yavuze ko yizera ko Malaysia izotohoza neza ivyabaye, inahe inshumbusho abavuze ababo.

Bamwe mu miryango y'abari muri iyo ndege banse gutanguza ivyo gusaba inshumbusho, bakavuga ko babikoze, leta ya Malaysia yoca ihagarika kurondera iyo ndege.

Abajejwe intwaro i Kuala Lumpur bemeza ko itohoza rizobandanya.

Vyibazwa ko iyo ndege yagiriye isanga mw'ibahari Indiana ryo mu bumanuko, kuyirondera bikaba vyaragiyemwo abahinga bavuye mu bihugu mirongo ibiri na bitanu.