Ibitero mu Misiri vyatumye prezida ataha

Imirwano i Sinai yatumye umukuru wa Misiri aheba inama i Addis Abeba Uwufise ububasha kw’isanamu g
Image caption Imirwano i Sinai yatumye umukuru wa Misiri aheba inama i Addis Abeba

Umukuru w'igihugu wa Misiri, Abdel Fatah al-Sisi, yahagaritse urugendo muri Ethiopia aho yari yitavye inama y'ishirahamwe rya Afrika, kubera ibitero mu gihugu ciwe.

Abarwanyi bateye mu buraruko bwa Misiri ku munsi w'ejo mu ntara ya Sinai, bahitana abajejwe umutekano bashika mirongo ibiri n'icenda.

Ivyo bitero vyabereye rimwe, vyatumbereje ibiro vy'abapolisi hamwe n'ibigo vya girisikare co kimwe b'ibirindiro ku murwa mukuru w'iyo ntara El Arish, hamwe no muyindi miji myinshi.

Umugwi uheruka kwiyunga na Islamic State uvuga ko ariwo wagavye ivyo bitero.

N'uno munsi habaye ubundi bwicanyi, umwana muto hamwe n'uruyoya bikavugwa ko biciwe mu mirwano hagati y'igisirikare n'abarwanyi.