Misiri yaciye igisoda c'umugambwe Hamas

Misiri ivuga ko ishami rya gisirikare rya Hamas ari umugwi w'iterabwoba
Image caption Misiri ivuga ko ishami rya gisirikare rya Hamas ari umugwi w'iterabwoba

Sentare mu Misiri yabujije ishami rya gisirikare ry'umugambwe wo muri Palestine, Hamas, irifata nk'umugwi w'iterabwoba.

Hamas niyo ikomeye cane mu ntara ya Gaza, abajejwe intwaro mu Misiri bakaba bavuga ko ibirwanisho bicishwayo bijanwa mu karere ka Sinai, mu buraruko bwa Misiri aho iki gihugu gihanganye n'abarwanyi.

Kubuza iryo shami rya Hamas bije nyuma y'umunsi umwe abarwanyi ba ki Islam bagavye igitero gikomeye ku basirikare n'abapolisi i Sinai, hakicwa abantu bashika mirongo itatu.

Hamas yiyamirije ingingo y'iyo sentare, ivuga ko ifise imvo za politike.