Igisirikare ca Nigeria civunye Boko Haram i Maduguri

Igisirikare muri Nigeria casubije inyuma igitero ca Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare muri Nigeria casubije inyuma igitero ca Boko Haram

Igisirikare ca Nigeria kivuga ko cashoboye gusubiza inyuma igitero ca Boko Haram mu muji ukomeye wa Maiduguri, mu buraruko bushira ubuseruko.

Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko ico gitero capfubijwe ngo kandi abarwanyi batakaje abantu benshi.

Ababibonye bavuga ko igikorwa co guhiga isigarira vy'abarwanyi gikomeje, ngo kandi hari abanyagihugu benshi bahitanywe n'abasasu ahita.

Ni igitero kigira kabiri mu muji wa Maiduguri mu ndwi imwe, kandi kibaye hasigaye indwi zibiri ngo habe amatora.

Mu ntara ihegereye ya Yobe, umwiyahuzi yiturikirije hafi y'inzu y'umunyepolitike mu muji wa Potiskum, ahitana abantu cumi n'umwe.