Umukino wa RDC watangaje benshi

DRC yerekanye umukino uhimbaye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption DRC yerekanye umukino uhimbaye

RDC yikuye Kongo iyitsinda 4-2 kandi yari yabanje gutsindwa bibiri ku busa, mu mukino watangaje benshi.

Ferebory Dore yinjije neza cane icambere ca Congo, Thiery Bifouma nawe yongeramwo ikindi biba 2-0 mu gihe DRC yarimaze guhusha akatari gake.

Mu mwanya w'iminota 16, Dieumerci Mbokani yarinjije abaha icizere, Jeremy Bokila yinjiza ica kabiri, Joel Kimuaki nawe ashiramwo ica gatatu.

Mbokani yaciye yinjiza ic'intsinzi, ahawe umupira unyaruka n'abakinyi b'inyuma.

Ico gitsindo cabaye inyishu y'ukwihagararako kwa DRC mu gihe vyasa nk'uko igire ive mw'ihiganwa.