Misiri yarekuye umunyamakuru Peter Greste

Peter Greste yarekuwe aca yirukanywa muri Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Peter Greste yarekuwe aca yirukanywa muri Misiri

Misiri yarekuye ica yirukana mu gihugu umunyamakuru Peter Greste, yagirijwe gukorana na Muslim Brotherhood.

Bwana Greste, yahoze ari umunyamakuru wa BBC, yafashe indege aja Cyprus, aho vyitezwe ko ava aja mu gihugu ciwe ca Australia.

Aljazeera yahora akorera yabishimye, ariko isaba ko bangenzi ba Peter Greste, Mohamed Fahmy na Baher Mohamed nabo barekurwa.

Amakuru yavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Misiri, avuga ko Mohamed Fahmy asanzwe afise ubwenegihugu bwo muri Canada, azorungikwa muri ico gihugu, ubwenegihugu bwiwe bwa Misiri bumaze guhagarikwa.

Abo bagabo batatu bakatiwe igifungo nyuma y'urubanza rwiyamirijwe cane.