Libya yafuse itegeko rikumira abakoranye na Gaddafi

Gaddafi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abategetsi bakoranye na Col Gaddafi bari barabujijwe kugira uruhara muri politike

Inama nshingamateka ya Libya yemewe n'amakungu yafuse itegeko ryahora ribuza abantu bakoze mu butegetsi bwa Gaddafi kugira uruhara muri politike.

Iryo tegeko ryari ryemeje ku gitsure mu 2013 igihe abashingamateka bari basagirijwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho ku murwa mukuru Tripoli.

Ryari ryiyamirijwe n'amashirahamwe agwanira agateka ka zina muntu avuga ko rikumira abantu ikivunga.

Iyo nama nshingamateka yatowe ikorera mu gisagara ca Tobruk ifise ububasha buke kandi ikaba igwanywa n'imigwi yitwaje ibigwanisho igenzura umurwa mukuru wa Tripoli.

''Twatoye kuvanaho itegeko rikumirwa-vyakozwe'', nk'uko umushingamateka umwe, Ibrahim Alzgheid yabibwiye BBC.

Ariko iyo nama nshingamateka ifise icicaro Tobruk mu buseruko ifise ububasha buke ku kindi gice c'igihugu ku buryo hari amakenga yo kumenya niba izo ngingo nshasha zizoshirwa mu ngiro.

Kuva mu kwezi kw'icenda mu 2014, Tripoli igenzurwa n'imigwi ifise ibigwanisho igendera ku ntumbero ya ki Islam ifise leta yayo muri ico gisagara.

Yagumye itoteza abategetsi bakoze kuri leta ya Col Muammar Gaddafi hagati y'itariki 1 y'ukwezi kw'icenda 1969 n'igihe ubutegetsi bwiwe bwatembagazwa mu kwa 10 mu 2011.

Iryo tegeko ryari ryemejwe mu 2013 igihe imigwi yitwaje ibigwanisho yari yakikuje inyubakwa za leta gushika ryemejwe n'abategetsi.