230 baciriwe umunyoro w'ubuzima mu Misiri

Ahmed Douma Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ahmed Douma yarekanye ko yihagazeko muri sentare ubwo yari akatiwe gupfungwa ubuzima

Sentare yo mu Misiri yaciriye umunyororo w' ubuzima bwose abantu 230 kubera batanye mu mitwe n' igipolisi mu 2011. Muri abo bakatiwe harimwo Ahmed Douma, yamenyekanye cane mu guharanira ubwigenge.

Yari mu bayoboye imigumuko yakuye ku butegetsi Hosni Mubarak mu 2011. Iki n'ikindi gihano gikomeye cane abaharaniye amahinduka mu gihugu bahawe, ariko bashobora kwunguruza.

Yagiriwe n'icaha co gutera intureka, gutuma haba intureka no gutera inzego zijejwe umutekano.

Yaciriwe kandi miliyoni 2.2 z'ama dollars kubera guturira ishure rya kaminuza ryarimwo inyandiko ata handi zishobora kuboneka.

Douma yakiriye ico gihano n'agahemo k'amashi menshi. Umucamanza yaciye amubaza ngo ''uri mu kibanza ca Tahrir? Ntubandanye urenza urwamo ahandi ho ndakwongera imyaka itatu''

Umunyororo w'ubuzima mu Misiri n'imyaka 25.

Urwo rubanza rwo ku wa gatatu rwaciriye igihano ca mbere kinini gushika ubu abaharaniye impinduka bategamiye idini mu migumuko yabaye haraheze imyaka 4.