Umwami wa Jordania yihutiye gutaha kubera iyicwa ry'umudereva

Amman Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umwami Abdullah yakiriwe n'isinzi ry'abamushigikiye ubwo yari atashe avuye mu rugendo muri Amerika

Umwami Abdullah II yasubiye mu gihugu kugira ibiganiro vyihuta inyuma yo guhagarika urugendo yarimwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera iyicwa ry'umudereva w'indege wa Jordania na leta ya ki Islam, IS.

Yururutse n'indege ku murwa mukuru Amman umunsi umwe inyuma y'aho IS isohoreye video isa n'iyerekana uwo mudereva Moaz al-Kasasbeh ariko araturirwa abona.

Jordania yanyonze abagwanyi ba ki Islam(jihadiste) 2 harimwo umugore inyuma yaho umwe mu badereva b'indege bayo yiciwe n'umuhari waleta ya ki Islam IS.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sajida al-Rishawi yari amaze hafi imyaka 10 ari ku rutonde rw'abanyongwa

Uwo mugore yananiwe no guturitsa ikibombe nk'umwihevyi Sajida al-Rishawi hamwe n'umusumuyi w'urusaku wa al-Qaeda Ziyad Karbol -bompi b'abanye Iraq- bamanitswe mu mutwenzi, nk'uko bitangazwa n'abategetsi.

Iryo nyongwa ryabaye haheze amasaha make IS isohoye video yerekana uwo mudereva Moaz al-Kasasbeh ariko araturirwa abona.

Yafashwe inyuma y'isanganya ry'indege yariko aratwara mu gikorwa co kurwanya IS muri Syria mu kwezi kwa 12.

Jordnia yari yagerageje kubohoza Lt Kasasbeh mu kumukaba na Rishawi, ariko IS vyibazwa ko haheze ukwezi imwishe.

Izo ntagondwa ubwa mbere zari zarondeye ko Rishawi arekurwa mu mwumvikano wo kurekura imbohe y'umumenyeshamakuru w'umuyapani Kenji Goto , ariko mu nyuma ziramwica.

Rishawi yari ku rutonde rw'abazonyongwa kubera uruhara yagize mu bitero vyabereye ku murwa mukuru wa Jordania, Amman, vyahitanye abantu 60 mu 2005.

Karboli we yagiriwe mu 2008 n'icaha co kwica umunye Jordania.

Izo mbohe zibiri zanyonzwe isaha 10 z'igitondo mu masaha yo muri Jordania(2:00 GMT), nk'uko vyatangajwe n'umuvugizi wa leta

Mohammad al-Momani kuri uyu wa gatatu mu gitondo.