Boko Haram: ingabo za Chad zishe abarenga 200

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Ingabo za Chad zavutse ko zanesheje Boko Haram inyuma y'urugamba rukomeye

Igisirikare ca Chad cemeza ko cishe abagwanyi barenga 200 b'intagondwa z'aba Islam nabo batakaza abasirikare 9 mu ntambara yo kugaruza igisagara gikomeye co mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Intagondwa za Boko Haram zishe abantu bashika 30 bariko barahunga iyo ntambara berekeza berekeza muri Cameroun, nk'uko hari umwe mu bahaba yabivuze.

Niyo ntambara ikomeye cane izwi yabaye irimwo ingabo za Chad kuva binjiye muri iyo ngwano yo muri Nigeria.

Ingabo za Nigeria n'iza Chad ziriko zirarasa kandi n'indege ishamba rini rya Chad Sambisa aho izo ntagondwa zifise amakambi.

Aba Boko Haram bikekwa kuba bajanye muri iryo shamba abana b'abakobwa barenga 200 bari bayuruje mu kwa kane mu gisagara ca Chibok kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Nta cemeza ko abo bana b'abakobwa n'ubu boba bakiri muri iryo shamba.

Abasirikare ba Chad 2.000 bashigikiwe n'ibiduga vy'intambara barajabutse binjira muri Nigeria ku wa kabiri kurwanya Boko Haram kugira bagaruze Gamboru, igisagara gito kiri ku rubibe Nigeria ihana na Cameroun.