Umutegetsi wa Sony yeguye kubera email zararajwe

Amy Pascal Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amy Pascal ari mu bagore bakomeye cane Hollywood , akaba akoze muri Sony imyaka 20

Icegera c'umukuru w'igisata ca Sony rirava ivy'ama cinema Amy Pascal yatanze imihoho mu mabanga y'icegera c'uwurongoye ico gisata kubera inkozi z'ikibi zashize ahabona ubutumwa bwiwe bwa email.

Madame Pascal agiye gutanguza kompanyi yo gutunganya ama cinema mu kwa gatanu uyu mwaka.

Yamaze gusaba ikigongwe kuri bimwe mu vyagiye ahabona kuva email ziwe zigaragajwe.

Mu kwezi guheze Sony yari yateye ivyatsi ico gikorwa co kwinjira mu mabanga yayo catumye hasiba kwerekanwa film ''The Interview''.

Yavuze mw'itangazo ati ''namaze hafi ubuzima bwanje bw'akazi nkora mu masanamu ya Sony ubu nkaba numva mfise ingoga zo gutangura ikigabane gishasha gishingiye kuri kompanyi nita i muhira''.

Yavuze ko ukwerekeza mu gisata co gutunganya ama cinema vyari bimaze igihe biriko birigwa.

Mu vyo bumvikanye na Sony n'uko izoshira amafaranga muri iyo kompanyi mu kiringo nibura c'imyaka ine iri imbere, Sony nayo ikagumana uburenganzira bwo kugurisha.

Sony ntiyashotse igene uwusubirira Amy Pascal asize Michael Lynton ariwe wenyene arongoye imwe mu ma studio atunganya ama cinema i Hollywood.

Madame Pascal n'umwe mu bategetsi bakomeye ama email yabo yashizwe ahabona muri ico gikorwa c'inkozi z'ikibi.