Banki muri Amerika igize ubwoba ku mafaranga aja muri Somalia

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption The Merchants Bank of California niyo yacamwo amafaranga abanye Somalia barungika iwabo

Banki yo muri Amerika abanye Somalia bacishamwo amafaranga barungika mu gihugu iwabo igiye kubihagarika ku bwoba ko hari ayaja mu minwe y'intagondwa.

Merchants Bank of California, icishwamwo ibice 80% vy'amafaranga yohererezwa muri Somalia ava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, n' ukuvuga nka miliyoni 200 z'ama dollars buri mwaka.

Amafaranga Abanyasomaliya batuye mu mahanga bohereza iwabo n'ingoboka z'amafranga ku bantu babo basize muri Somaliya. Umuryango w'abibumbye uravuga ko amafaranga abanyasomaliya bohereza iwabo yose hamwe angana n'amadolari miliyari 1.6 buri mwaka. Ayo madolari aruta kure imfashanyo z'amahanga.

Ubushakashatsi bwa LONI buragaragaza ko abanyasomaliya barenga 40%, bakira ayo mafaranga y'ingoboka bakayakoresha mu bikenerwa bya buri munsi birimo ibiribwa, imyambaro, imiti n'amashuli.

Mu gihe igihugu cya Somaliya gikomeje kuzanzamuka, izo ngoboka z'amafaramga zirakoreshwa cyane mu gushora imari. Zirakoreshwa no mu gusana igihugu.

Muri Somaliya nta mabanki akora bafite. Kubera iyo mpamvu, uburyo bwonyine abanyasomaliya bari hanze y'igihugu bashobora gufasha ababo bari mu gihugu, n'ubwo bwa "remittances" bw'amafaranga bashobora kwakira batagiye kuyafatira mu mabanki.

Ibanki isanzwe itanga uburyo wbo kurungika amafaranga ku banya Somalia baba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika bayarungikira imiryango yabo muri Somalia, n'ahandi mu buseruko bwa Afrika, igiye kubihagarika kubera impungenge z' uko ayo mafaranga ashika mu minwe y'abarwanyi. Merchants Bank of California, icishwamwo ibice 80% vy'amafaranga arungikwa aturutse muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, n' ukuvuga nka miliyoni 200 z'ama dollars buri mwaka.

Ariko iyo banki ivuga ko itazoshobpora kubandanya, kubera amategeko mashasha akumira amafaranga afise inkomoko mbi. Inkuru ya Mary Harper muyishikirizwa na Alley Yusuf Mugenzi.