Niger yemeje kurungika ingabo kurwanya Boko Haram

Niger Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Niger yiyemeje kurungika abasirikare 7.500 gufatanya n'izindi ngabo z'akarere

Inama nshingamateka ya Niger yemeje ko reta irungika ingabo muri Nigeria gufatanya n'izindi z'ibihugu vy'akarere kurwanya umuhari w'intagondwa za ki Islam wa Boko Haram.

Iyo ngingo yemejwe inyuma y'aho Boko Haram itereye ibohero ikanaturitsa ikibombe gitegwa mu modoka ku wa mbere mu gisagara ca Diffa hafi y'urubibe Niger ihana na Nigeria.

Abashingamateka bavuze ko bemeje ata n'umwe avuyemwo kurungika abasirikare 750 gufatanya n'ingabo z'akarere mu kurwanya Boko Haram.

Boko Haram imaze iminsi yongereje ibitero mu bihugu bibanyi vya Nigerria.

Ku wa gatandatu, Cameroun, Chad, Niger na Benin vyumvikanye gushinga umugwi w'ingabo ugizwe n'abasirikare 7.800 wo kurwanya uwo mugwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Chad co kiramaze kurungika ingabo muri Nigeria

Boko Haram yagavye igitero cayo ca mbere muri Niger ku ndwi igeze, ubu ikaba yarahiye ko igiye gushinga reta igendera ku mategeko ya Islam.

Ariko prezida wa Niger, Mahamadou Issoufou, nawe nyene asanzwe ari umu Islam, yarahiye ko azotsinda Boko Haram.

Yavuze ati'' abanye Nigeri bose barazi ko abo bagabo atari aba Islam. ahubwo ivyo bakora ntaco bifasha Islam''.

Ubu abategetsi babujije uruja n'uruza mw'ijoro mu gisagara ca Diffa kandi babuza abantu kwiyunguruza ku ma pikipiki, uburyo busanzwe bukoreshwa cane mu kwiyunguruza muri ico gihugu, kugirango ntihagire intagondwa zihava zikike mu kiza ngo zinjire.

Abantu bakekwa ko ari aba Boko Haram baranyuruje kandi bisi mu buraruko bwa Cameroun, banyuruza abantu 20, nk'uko bivugwa n'abahaba.

Iyo bisi yanyururijwe hafi y'akarere kari ku rubibe ka Koza ica ijanwa amaja ku rubibe rwa Nigeria ku biromtero 18, nk'uko hari umuntu ahaba yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Iyo ntambara yatumye amatora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka muri Nigeria yigizwa inyuma, aho yobaye itariki 14 ukwezi kwa kabiri ubu akaba yashizwe itariki 28 ukwa gatatu.

Abantu nibura milioni 3.2 baramaze guteshwa izabo kubera iyo ntambara yatewe na Boko Haram kuva mu 2009, ukurukije ibivugwa n'abategetsi ba Nigeria.