HCR: Abarenga 300 batwawe na Mediterranee

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abacungera inkengera z'Ubutaliyano barokoye abimukira

Abajejwe gucungera inkengera z'ico kiyaga ku ruhande rw'Ubutaliyano, bamaze gutora bakeyi barokotse bari mu bwato butatu botoya, bwavuye muri Libya mu mpera z'indwi iheze.

Abarokotse bemeza ko hari ubundi bwato bugira kane bari batanguranye urugendo, kugeza ubu butaraboneka.

Mu kwezi kwa 11 umwaka uheze, Ubutaliyano bwarangije igikorwa cari kimaze umwaka co gutabara abimukira bajabuka ayo mazi.

Ishirahamwe rijejwe impunzi UNHCR rigabisha ko ingingo yo guhagarika ico gikorwa c'ubutabazi ishobora gutuma benshi bahasiga ubuzima.