Amahoro yoba agiye kugaruka muri Ukraine?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Vladmir Putin w'Uburusiya ariko aramukanya na mugenzi wa Ukraine, Pedro Poronsheko

Igihe ntarengwa kugira iyo ntambara izobe yahagaze ngo ni ku munsi wa gatandatu mu gicugu.

Impande zirwana zasabwe kuba zamaze gutandukana hagacamwo ikirere kibagabura hagati yabo.

Uwo mwumvikano bawugezeko baraye ijoro ryose bari mu manama mu muji wa Minsk.

Perezida wa Ukraine Petro Porochenko, yemeje ko impande zompi zizohana impfungwa z'intambara, nayo leta ya Kiev ngo izosubirana ubutaka bwayo kugera ku rubibe bihana n'Uburusiya.

Umunyamakuru wa BBC ari Minsk avuga ko uwo mwumvikano usa cane n'ayandi masezerano yo guhagarkira intambara bari bagiranye mu mwaka uheze, yaciye aba impfagusa hadaciye n'igihe.

Kandi ngo ntibigaragara neza nimba ibibazo vyari biteye impari vyatorewe umuti koko.