Misiri ishaka kuvana abanyagihugu bayo muri Libya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imiryango y'aba Coptes bafatiwe muri Libya, mu myiyerekano imbere y' ibiro vya ONU i Cairo

Ivyo perezida Sisi yabimenyesheje inyuma y'aho umurwi w'abarwanyi bavuga ko begamiye idini rya islamu bafatiye ingwati abakirisu b'aba Coptes 21 bo mu Misiri.

Amasanamu yakwiragijwe kuri internet yerekana abo bantu mu mwambaro usa n'umucungwe, bashorewe n'ababafashe bambaye ivyirabura bihishe mu maso.

Urubuga rwa internet ruvugira abo barwanyi ba Islamic State, ruvuga ko abo banya Misiri ari aba Coptes bari baje mu ntambara yo gucengeza idini ryabo.

Urwo rubuga ruvuga ko bafashwe mu ntumbero yo kwihora amabi abo mw'ishengero ry'aba Coptes mu Misiri bakorera abagore b'aba Islamu.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire mu Misiri bwongeye gusubiriramwo abanyagihugu impanuro bwama bubaha ko bakwiye kwirinda gutemberera muri Libya.