Imiti ya menopause ngo ishobora gutera cancer?

Image caption Umugore akuze

Abashakasahatsi bo kuri kaminuza ya Oxford basuzumye ibimenyetso batororokanije hirya no hino kw'isi, ku bagore bafata iyo miti ya menopause.

Abo bashakashatsi basanze ku bagore 1000 bamaze imyaka itanu bafata imiti yo kugabanya ingaruka za menopause kuva ku myaka 50 y'amavuka, hiyongerako umwe ku bashobora kurwara cancer yo muri ovaire.

Abo bashakashatsi basanze kandi iyo miti ihagaritswe, ivyago vyo gushobora gufatwa n'iyo cancer biragabanuka.

Iyo miti bita HRT ifatwa n'abagore bageze mu myaka yo guca invyaro, baba bifuza kugabanya ingaruka baterwa n'igabanuka ry'imisemburo y'ubugore canke hormones, rishobora kubangamira ubuzima bwabo bwa minsi yose.

Vyari bisanzwe bimaze kumenyekana ko iyo miti ya HRT ifitaniye isano no kwiyongera kw'ivyago vyo kwandura cancer yo mw'ibere.