Hissene Habre agiye gucirirwa urubanza

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hissen Habre yabaye prezida wa Chad kuva 1982 gushika 90

Sentare muri Senegal yategetse ko uwahoze ari umukuru wa Chad Hissene Habre acirirwa urubanza ku vyaha vy'intambara bivugwa ko yoba yarakoze birimwo kwica urubozo n'ivyaha bikorewe zina kiremwa muntu.

Abacamanza b'iyo sentare idasanzwe bavuze ko hari ivyemezo bikwiye vyo kwagiriza Habre, asanzwe afungiwe muri Senegal.

Iyo sentare yashinzwe na Senegal hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Africa kugira icire urubanza Habre kuva aho afatiwe mu 2013.

Urubanza rwiwe ruzoba rubaye urwa mbere muri Africa aho sentare y'ikindi gihugu izoba iciye urubanza ku vyaha vyakorewe mu kindi gihugu.

Habre, ubu afise imyaka 72, yagirizwa kugandagura abanye politike ibihumbi n'ibihumbi ku ntwaro yiwe yo kuva 1982-90,yarangiye atembagajwe n'uwutwara Chad ubu ariwe Idris Deby.

Arahakana ivyo vyaha kandi ntiyemera ububasha bw'iyo sentare.

Mu 2008, Habre yaciriwe impaga urubanza rwo gupfa na Chad ku vyaha vyo gushinga umuhari witwaje ibigwanisho wo kurwanya leta muri uwo mwaka nyene.

Urwo rubanza rutegekanijwe gutangura mu kwa gatanu canke ukwa gatandatu.

Ruzocibwa n'abacamaza batatu, babiri b'abanye Senegal n'uwa gatatu ari nawe azoba ari umukuru wabo, azova mu kindi gihugu gisanzwe kiri mw'ishiramwe ry'ibihugu vya Africa.