Papa yagenye aba kardinari bashasha 20

Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Papa Francois yavuze ko ashaka ko ibintu bihinduka abayoboye Eklezia bikiyegereza abantu bato bato

Papa Francois yagenye aba kardinari bashasha 20, akaba yongereje igitigiri c'abaturuka mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere mu mugwi uzotora uwuzomusubirira.

Abo ba kardinari bashasha bari ibihebeye imana ba mbere bo muri Myanmar, Tonga na Ethiopia.

15 bafise munsi y'imyaka 80, n'ukuvuga ko bafise uburenganzira bwo gutora umupapa azokurikira.

Bubaye ubwa mbere mu bazotora papa habamwo abatava i Bulaya benshi gusumba abava i Bulaya ubwo Papa ashaka ko Eklezia iserukirwa iyo iva ikagera kw'isi.

Bubaye ubwa kabiri Papa Francois agene aba kardinari bashasha baturuka mu bihugu bitandukanye.

Mu kwa mbere yari yagenye 19 barimwo abo muri Haiti na Burkina Faso, umwe mu bavugizi ba Vaticano akaba yavuze ko ivyo vyerekana ivyo Papa yiyemeje vyo kwitaho abakene.

Niwo murongo ngenderwako Papa yihaye. Yavuze ko ashaka ko ibintu bihinduka kugirango abakuru ba Eklezia biyegereze abantu bato bato.