Ibitero vya Copenhagen:igipolisi cishe uwabigavye

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapolisi bashoboye kumenya uwo yateye baravye amasanamu ya CCTV (camera zifasha gucungera umutekano)

Igipolisi muri Copenhagen kivuga ko carashe kikica umugabo cibaza ko ariwe ari inyuma y'ibitero bibiri vyahitanye abantu ku murwa mukuru wa Danemark mu masaha yari aheze.

Igipolisi kivuga ko cishe uwo mugabo ahitwa Norrebro ubwo yari atanguye kubarasa.

Vyashitse inyuma y'aho umuntu umwe yiciwe abapolisi batatu nabo bagakomereka ahantu hariko harabera ikiganiro ku kwishira no kwizana mu gushikiriza ico umuntu yibaza.

Mu gitero kigira kabiri, umugabo w'umuyahudi yarishwe abapolisi babiri nabo barakomereka hafi ya sinagoga nkuru muri ico gisagara.

Igipolisi kivuga ko amasanamu ya video yerekana ko uwo mugabo ariwe yagize ivyo bitero vyompi.

Ntibibaza ko hari uwundi muntu yagize uruhara muri ivyo bitero.

Ministre wa mbere wa Danemark Helle Thorning-Schmidt yavuze ko ari ''igitondo c'umubabaro'' avuga ko ari gitero c'ubukozi bw'ikibi nta ngere ku gihugu ca Danemark.

Mu nyuma yahavuye agendera iyo sinagoga ace yemeza ko hazokorwa ibishoboka vyose kugira abayahundi bakingirwe.